Scroll to Top

Kubera yaronse, Titus yahagaritse umuziki

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 07 Aug 2018 05:26 AM / /

Akazi mu ntara ya Gitega muri OBR niko gatumye umwanditsi w’indirimbo Wari ikiroroge ahagarika umuziki.

Umushatsi yarakuyeko, n’umuziki ngo yabanje guhagarika kwanza kugira abanze akore akandi kazi muri OBR I Gitega. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Titus Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Uwo muririmvyi w’ukwezi kwa 6 kuri Indundi Magazine n’akaririmbo kiwe Wari ikiroroge, akaba inyuma y’amashure n’umuziki, ngo agiye guhindura ubuzima noneho akore ibindi.

Akoresheje urwo rubuga nyene, uwo muririmvyi yijeje abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko batazogira irungu kuko ngo yaramaze gusohora izitari nke. S’ico gusa aranabashimira kuko ngo bamubereye abavukanyi, bamwereka urukundo.

Bamwe bakibaza nimba atoba yavuze nabi mu kuvuga ko ahagaritse umuziki kuko aronse akazi, kuko haza ikibazo c’ukwibaza nimba abaririmba boba ari ibishomeri gusa.

1,825 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment