Scroll to Top

Yvan Muziki abarizwa I Kigali, aho ariko ategura gukorera Igiteramo

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 09 Aug 2018 17:15 PM / /

Yvan Muziki inyuma y’ugushira ahabona amasanamu y’akaririmbo Booboo, akanasivya igiteramo yokoze kuri uyu wa 11 myandagaro, abarizwa I Kigali muri kino gihe.

Mu gihe yaheruka kumenyesha ko igiteramo ciwe casivye, uwo miririmvyi abarizwa muri kino gihe mu gisagara ca Kigali.

Kuva Ku musi w’Ejo isaha zine z’igitondo, Yvan Muziki abarizwa I Kigali, aho akaba ariko arategura ibikorwa bitari bike birimwo n’ugukora igiteramo cobaye muri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 myandagaro.

Yvan Muziki akaba ashitse I Kigali kandi amaze gushira ahabona amasanamu y’akaririmbo Booboo kari kamaze igihe gategerejwe. Ako akaba yagakoreye ku mugabane wa buraya.

Tukaba tutarabasha kumenya nimba Yvan azomara igihe kingana gute I Kigali, ariko ikizwi co n’uko akenshi atihuta kuko ahafise incuti, ababanyi n’abagenzi.

1,703 total views, 0 views today

Categories : homepage
Tagged as:

Add Comment