Scroll to Top

Spok’s yahindutse umudandaza w’ibikoresho vyo kw’ishure

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 09 Aug 2018 17:34 PM / /

Abasanzwe bakiri Ku ntege y’ishure ngo nibiture Spok’s Man kuko afise ibikoresho bakenera kw’isomera kandi Ku giciro co hasi cane.

Inyuma y’ukumenyesha ko yashize ahabona amakaye yo kwandikamwo, uwo muririmvyi yashimye n’ukuyadandariza hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Akoresheje imbuga ngurukanabumenyi akoresha, kandi akanishigikirwa n’abatari bake, Spok’s yasohoye itangazo aho atumirira abantu kumwitura ngo abahe ibikoresho vy’amashure birimwo amakeya ariko izina ryiwe.

Ico kibanza yafashe mu gisagara ca Bujumbura, ngo kiri kuri Palais des Arts, aho ngo hakaba haboneka ibikoresho bitazimvye na gato.

Uwo mwanditsi w’uturirimbo nka Ndatemutse, Burundi n utundi akaba azwiko gukora imigambi itandukanye, muriyo, harimwo udukomo twanditseko amazina y’abaririmvyi. Ibitari bwakorwe n’umuntu n’umwe.

7,932 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment