Scroll to Top

T max yahishije bimwe, ahishura ugukorana na Big Fizzo

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 09 Aug 2018 18:00 PM / /

Naho hari vyinshi atashimye gushikiriza, ariko yemeza ko hari bishasha azokorana mugenziwe w’igihe kirekire bataherukana.

Mu gihe vyari bizwi ko azanywe n’igiteramo cariko kiramutegurirwa muri uku kwezi, T Max yahavuye ahishura ko hari n’ibindi vyinshi vyihishije inyuma y’umuzo wiwe mu gisagara ca Bujumbura.

Kuri uyu wa Kane aho yashika Ku kibuga ca Bujumbura, yabwiye abamenyeshamakuru ko hari vyinshi babikiye, murivyo umumenyeshamakuru yahavuye amusokorozamwo ugukorana na mugenziwe Big Fariouz.

T max mu migambi yihishije ashobora gukora ngo hoba harimwo ukunagura ubucuti bwafitanye na Big Fizzo, kandi banasubizahamwe ngo Wanajeshi Kamili isubire ihagarare.

Uwo mu Rappeur yahora Ku mugabane wa Buraya akaba ashitse I Bujumbura amasaha makeya gusa imbere yuko, mugenziwe Nay wa Mitego ashika I Bujumbura aho nawe aje kwifatanya na T Max muri ico giteramo.

9,511 total views, 0 views today

Add Comment