Scroll to Top

Peace Cup | Francis mbaya yaraye ashikanye Mukura Vs mu rukino rwa nyuma

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 09 Aug 2018 18:10 PM / /

Hari ku mugoroba w’umusi wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 08 Myandagaro, ku kibuga c’inyamirambo kiri I Kigali aho Umugwi Apr FC wari wakiriye Umugwi Mukura Vs mu rukino rwo gusubiriza rw’igice   ca 2 gishira Ica nyuma C’igikombe c’amahoro bita Peace Cup.

Urwo rukino rukaba rwararangiye Mukura Vs usezereye Umugwi Apr FC muri ico gikombe kumvo y’uko urukino rwa mbere rwabereye Ihuye iyo migwi yompi yanganije 0-0 , Urukino rwo gusubiriza baraye banganije Igitsindo 1-1 bituma Mukura Vs Irengana mu rukino rwa nyuma aho uzokina n’umugwi Rayon Sports.

N’iteka ridasanzwe Kuri Haringingo Francis mbaya umurundi amenyereza umugwi Mukura Vs yaraye ashikanye Mukura Vs Mu rukino rwa nyuma aho Mukura VS uheruka gukina urukino rwa nyuma rw’igikombe c’amahoro Peace Cup mu myaka wa 2009 naho nyene yari yasezereye uyo Mugwi nyene wa APR FC.

10,857 total views, 0 views today

Add Comment