Scroll to Top

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Buterere yakoze ibintu vy’imbonekarimwe

By Janvier Nzokurigomba / Published on Friday, 10 Aug 2018 04:39 AM / /

 

Amakuru yemezwa n’abajejwe umutekano amenyesha ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Myandagaro imbere y’umushikiranganji w’indero Dr Janvière Ndirahisha, hari umuyobozi wo kw’ishure ryisumbuye rya Buterere Benjamin Manirambona yafashwe ariko arakora ikibazo ca Reta “Examen d’Etat” kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika “Lycée du Lac Tanganyika”.

Benjamin Manirambona akaba ngo yari yihinduye yambara imyambaro y’abanyeshure kugira ngo ashobore gukora ico kibazo atawumuciye n’ikanda yamara imisi y’igisuma ngo ni mirongo ine, yahavuye afatwa mpiri.

Umushikiranganji w’indero Dr Janvière Ndirahisha amaze kwumva iyo nkuru y’agacamugongo, yaciye yishikira kuri iryo shure ryitiriwe ikiyaga Tanganyika kwirabira ako kamaramaza. Manirambona Benjamin co kimwe na bamwe mu bigisha bari ngaho bakaba baciye bajanwa n’inyamiramabi kugira ngo bumvirizwe.

Nayo mu ntara ya Cankuzo umunyeshure wo kw’ishure ryisumbuye rya komine Rusagara yiga mu gisata c’ubushakashatsi “Scientifique B” yariko arakorera ikibazo ca Reta kw’ishure ryisumbuye ry’i Muyaga yibarutse ahejeje gukora igice ca mbere c’ikibazo ca Reta aho yaciye anyarukanwa kw’ivuriro gushika ubu umuntu akaba ariko yibaza nimba uwo murerwa yibarutse aza guheza akabandanya gukora ibibazo canke.(…)

11,692 total views, 0 views today

Add Comment