Scroll to Top

Akanoti gatubutse Niko rayon Sport yemerewe niyatsinda Mukura Vs

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 10 Aug 2018 09:04 AM / /

Ubuyobozi bw’ Umugwi Rayon Sports bwemereye abakinyi babo akanoti kubutse nibatsinda Mukura Vs mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’amahoro.

Rayon Sports yaraye ironse amahirwe yo gukina urukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’igikombe c’amahoro. Aho ukaba wari utsinze Umugwi Sun rise ibitsindo 3-2 mu nkino zibiri bakinye z’igice 2 gishira ica nyuma.

Mukura Vs nayo ikaba yasezereye APR Fc, aho hari Ku musi wa gatatu uheze aho wanganije na APR Fc 1-1 mu rukino rwo gusubiriza, I Kigali. Aho ni mu gihe iwabo  i huye banganije 0-0 mu rukino rwo gutangura bica bituma Mukura Vs Ironka uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma kubera igitsindo kimwe batsindiye I Kigali.

Abakinyi ba Rayon Sports bakaba bemerewe agashirukabute ka ngana n’ibihumbi amajana 700 vy’amanyaRwanda buri Mukinyi nibaramuka batsinze uyo mugwi wa Mukura Vs kuko bazoca baronka uburenganzira bwo gukina inkino za Africa za CAF Confederation Cup.

6,777 total views, 0 views today

Categories : Football kirundi Sports

Add Comment