Scroll to Top

Wema ngo hari ivyo akwiye gukurikiza kugira asame

By KING YANN COOL / Published on Friday, 10 Aug 2018 18:47 PM / /

Wema Sepetu naho afise uburwayi butuma atavyara, uwo mukinyi w’amareresi yijejwe ko ashobora gusama Inda, ariko nka hamwe akurikije ivyasabwa.

Mu gihe bizwi ko Wema Sepetu yagirizwa kutavyara na bamwe mu bagabo bagendanye, uwo mukobwa yashize ahabona ko ivy’ukitavyara kwiwe ngo biva Ku burwayi yasanze afise.

Wema aganira n’ikinyamakuru co muri Tanzania, uwo mukinyi akomeye wa Films muri Tanzania, yavuze ko aho aheruka mu buhinde ngo yari yagiye kwibagisha Mu bihimba vy’ibanga. Ivyo bikaba bitandukanye n’ivyari bigize igihe bivurwa ko yoba yashatse kwibagisha ngo akuremwo igitereko.

Umuganga yaganiriye n’ico kinyamakuru akaba yamenyesheje ko bishoboka ko uwo mukinyi ashobora gukira akabasha n’ugusama Inda, ariko mu gihe akurikije amabwirizwa ya muganga. Mu gihe atabikurikije ngo yoca asezera burundu ivy’ugushaka gusama.

Mukamenya ko Wema yavuze ko iyo ngwara ituma imbuto ziwe zimeneka bigatuma iyo habayeho ugushaka kurondera umwana bidakunda.

 

5,399 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment