Scroll to Top

Yvan Muziki yatwaye ikibanza ca 1 Sat-b na Big Fizzo

By KING YANN COOL / Published on Friday, 10 Aug 2018 18:57 PM / /

Ata gihindutse Yvan Muziki yatwaye ikibanza abaririmvyi Sat-b na Big Fizzo, aba umuririmvyi wa 1 arabwe ca mu mwanya muto.

Mu gihe zisa nkaho ari indoto Ku batari bake mu baririmvyi ndundi, Yvan Muziki we ariko abigenderamwo muri kino gihe.

Ivyo turiko tuvuga n’ukurabwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi nka YouTube. Ivyo tukabivuga dufatiye Ku ndirimbo nshasha aheruka gushira ahabona aho imaze kurabwa akatari gake.

Mu misi 3 gusa iyo ndirimbo ishizwe ahabona, ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 100,000 Ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi. Ivyo bikaba bitari bwaboneke hano iwacu.

Abari basanzwe batwara idarapo akaba ari Sat-b na Fariouz aho mu misi iri musi y’ukwezi bari bamaze kurabwa kuri urwo rugezo, arikona Sat-b akaba yaheruka gufata ikibanza ca 1 kuko mu ndwi 1 gusa yari yabashije gushikana incuro 100,000 arabwe ku karirimbo No Love aheruka gushira ahabona.

 

soma n’ibi : #indundi TV | Booboo by Yvan Muziki Official video

 

Bikaba bigoye kuvuga ibindi bibanza bikurikira, canke uwuzohava afata ico kibanza gihejeje gufatwa na Yvan Muziki n’akaririmbo kiwe BooBoo.

Mukamenya ko indirimbo za Yvan Muziki ziboneka kuri urwo rubuga rwiwe rwa Youtube, ari 2 gusa zimaze kurabwa kuri urwo rugezo.

 

10,552 total views, 0 views today

Add Comment