Scroll to Top

Ivyo Buravan yabonye I Bujumbura vyamuremyemwo uwundi mutima

By KING YANN COOL / Published on Friday, 10 Aug 2018 19:02 PM / /

Kubera uburyo yakiriwe n’abarundi, uwo muririmvyi wa Oya yahavuye abona ukundi Uburundi.

Burabyo Yvan benshi bazi nka Yvan buravan ngo ivyaheruka kubona aho aheruka I Bujumbura vyamuteye kubona ko Abarundi bamwitayeho gusumba.

Uwo muririmvyi wa Garagaza avuga ko ariko ariyumvira gusubira gukorera igiteramo aha Iwacu. Ico kikazoba ari ic’ugushira ahabona urukurikirane rwiwe, nkuko yabiyagiye bagenzibacu b’ikinyamakuru Igihe.

Amakuru dukesha abamwegereye b’i Bujumbura akaba avuga ko umuzo wiwe ushobora kuba mu kwezi 12. Naho ataravyemeza ariko aremeza ko abategura ibiteramo I Bujumbura bamwemereye ko ata kibazo na kimwe yogira aramutse agateguriye igiteramo.

Mukibuka ko aheruka I Bujumbura atumiwe n’abateguye isabukuru ry’ugutwenza Buja Lol.

9,443 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment