Scroll to Top

Francis mbaya ntakindi ahanze amaso atari gutwara igikombe

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 10 Aug 2018 21:36 PM / /

Umumenyereza w’umurundi asanzwe amenyereza Umugwi Mukura Vs Haringingo Francis mbaya, yabwira abamenyeshamakuru b’inkino bo mu Rwanda ko atakindi ahanze Amaso Atari gutwara igikombe c’amahoro .

Ku ncuro yiwe ya mbere , amenyereza Umugwi Mukura Vs, Haringingo Francis Mbaya yamaze gushikana Mukura Vs mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c ‘ amahoro.

Urukino rwo gutangura Ihuye banganije na Apr 0-0 mu rukino rwo gusubiriza rwabereye i kigali banganije 1-1. Igitsindo kimwe baronkeye hanze catumye bakina urukino rwa nyuma rwa Final.

Mukura Vs ikaba iheruka gukina urukino rwa nyuma rw’igikombe c’amahoro, mu mwaka wa 2009, naho nyene yari yatsinze Apr FC .

14,163 total views, 0 views today

Categories : Football kirundi Sports

Add Comment