Scroll to Top

Jose Morinho ababazwa n’ivyo uburongozi bwiwe bwamukoreye

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 12 Aug 2018 06:52 AM / /

Umumenyereza w’umunya Portugal, Jose Morihno ababazwa n’ivyo uburongozi bwiwe bwa Manchester united bwamukoreye.

Uyo mumenyereza yababajwe n’inyifato y’uburongozi bwa Manchester United yo kutamuha uburyo kugira arondere abakinyi yipfuza .

Igura n’igurishwa ryugawe Ku musi wa Kane uheze, mu gihe Jose Morinho yari afise icizere co kugura abo bakinyi cane cane ku bakinyi b’inyuma , aho yarondera umukinyi wa Atletico Madrid Diego Godin Ku miriyoni 18 z’ama Pound.

Bikavugwa y’uko Jose Morihno yagiye afise ishavu mu rukino rwaraye ruhuje Umugwi Manchester United asanzwe amenyereza hamwe na Leicester, aho Umugwi Manchester United waraye utsinze Leicester city ibitsindo 2-1 mu rukino rwa mbere rw’ihiganwa ryo mu bwongereza VPL.

Morinho yari yasavye uburongozi bwa Manchester United ko bwomuha imiriyoni 100 z’ama pound kugira agure abakinyi ashaka ariko uburongozi bwa Manchester United buranka kuyamuha .

Morinho akaba yabwiye abakunzi b’umugwi Manchester United barindire barabe mu kwezi kwa 11 na 12 ingene umugwi wabo uzoba umeze.

2,684 total views, 0 views today

Add Comment