Scroll to Top

Abakunzi ba Sat-b bo hagati mu gihugu bagiye kwiyumvira No Love

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 12 Aug 2018 07:07 AM / /

Nka Natacha, Sat-b nawe agiye kuzunguruka Uburundi ariko akora ibiteramo.

Inyuma y’ugushira ahabona akaririmbo mu ndwi imwe kari kamaze kurabwa incuro zirenga 100,000, agakora ibiteramo vyatumye abonwa ukundi mu muziki ndundi, Sat-b agiye gukora Tours.

Nkuko twaheruka kubibona kuri Natacha azunguruka Uburundi, Uwo muririmvyi wa No Los agiye kuzunguruka Uburundi akora ibiteramo bitandukanye yitiriye iyo ndirimbo nyene .

Ivyo biteramo bikaba bizotangurira mu ntara ya Bubanza¬† igenekerezo rya 18/8, noneho abirangirize mu ntara ya Cibitoke¬† kw’igenekerezo rya 9/9.

Uwo muririmvyi akaba agiye gukora ivyo biteramo mu gihe hari amakuru avuga ko uwo muririmvyi aheruka gukorana akaririmbo na Sauti Sol.

4,797 total views, 0 views today

Add Comment