Scroll to Top

Iyi niyo mpamvu yatumye Karim Makenz adahamagarwa

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 12 Aug 2018 08:41 AM / /

Umukinyi Karim Nizigiyimana batazira Makenz ntari ku rutonde rw’abakinyi 43 batumweko n’umumenyereza w’Intamba mu rugamba, Olivier Niyungeko, mu ntumbero yo kwitegurira urukino ruzoba ukwezi kwa 9. Urwo rukazobahuza na Gabon mu kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN 2019 kizoba muri Cameroun.

Impamvu yatumye uyo umukinyi adahamagarwa, n’uko gushika muri kino gihe ntararonka inguvu zikwiye kugira abashe kugina izo nkino zo kurondera itike ya CAN 2019 izobera mu gihugu ca Camreroun .

Mu kibukako Karim Nizigiyimana Makenz, yaronse imvune ikomeye bita Tendon d’achir, bituma uyo umukinyi w’inyuma w’Intamba amara ikiringo c ‘amezi 10 adahonyoza ikirenga mu kibuga.

Muri kino gihe akaba yaramaze gutangura imyimenyerezo na bandi mu mugwi asanzwe akinamwo Gormahia wo mu gihugu ca Kenya mbere bikavugwa y’uko anahabwa I minota 20 ya nyuma y’urukino kugira Abe aramenyera.

Uburundi bukaba buri mw’itsinda rimwe n’umugwi wa Mali, Gabon hamwe na Soudan .

4,346 total views, 0 views today

Add Comment