Scroll to Top

CECAFA U 17| Intamba mu rugamba zaraye zitsinzwe na Tanzania

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 12 Aug 2018 08:59 AM / /

Kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 11 Myandagaro umwaka 2018, niho ihiganwa rya CECAFA U 17 ryaraye ritanguye icese mu gihugu ca Tanzania, mu gisagara ca Dar es Salam ku kibuga ca National Stadium.

Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 zaraye zitsinzwe urukino rwa mbere n’umugwi w’igihugu ca Tanzania cakiriye iryo higanwa Serengeti boys ibitsindo 2-1.

Tanzania niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere Ku munota wa 10 ibicishe kuri Kevin John , Intamba mu rugamba irakigombora ibicishishije kuri kizigenza wabo Ku munota wa 19.  Ku munota wa 26 Agir Ngonda atsindira Tanzania igitsindo ca kabiri,  gushika Ku munota wa 90 urukino rurangira Serengeti boys itsinze Intamba mu rugamba ibitsindo 2-1.

Intamba mu rugamba zikaba zizosubira gukina urukino rwa kabiri n’umugwi w’igihugu c’urwanda kuri uyu wa mbere .

Mukamenya y’uko umugwi uzotwara ico gikombe niwo uzoronka uburenganzira bwo guserukira ibihugu biri muri kano karere mu gikombe ca Africa CAN U 17 kizoba mu gihugu ca Tanzania umwaka wa 2019.

4,926 total views, 0 views today

Add Comment