Scroll to Top

Hakizimana Maluda yavuye kuvurirwa mu buhinde

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 12 Aug 2018 11:37 AM / /

Umukinyi w’inyuma w’umugwi Messager Ngozi Hakizimana Yussuf Maluda yatahutse mu gihugu c’uburundi avuye kuvurirwa mu gihugu c’ubuhinde.

Yussufu maluda yatahutse avuye mu buhinde kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Myandagaro Umwaka wa 2018, yari amaze ikiringo c’umwaka wose ataboneka mu mugwi Messager Ngozi.  N’ihiganwa riheruka rya Primus League ntiyigeze aboneka mu kibuga.

Eka si maluda wenyene yakomeretse muri uyo mugwi , Messager Ngozi, hari na bandi bagenzi we bagera kuri babiri nabo nyene bivugwa yo bagiye kuvurirwa mu Buhinde.  Akaba ari Uwayesu Nice Franck hamwe na Radjabu Temba.

4,764 total views, 0 views today

Add Comment