Scroll to Top

Kingorongoro ariko arakora akandi karirimbo

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 12 Aug 2018 13:48 PM / /

Kingorongoro yasubiye muri Studio gukora ibishasha, inyuma ya Ex Girlfriend yakoranye n’umunya Tanzania.

Inyuma y’indirimbo Ex Girlfriend yakoranye n’umunya Tanzania, ngo ariko arategura gushira ahabona ikindi gikorwa gishasha.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, Kingorongoro yanditse avuga ko ariko arakora igikorwa gishasha. Uwo muririmvyi wa Ile Ile akaba amajambo yanditse yayaherekeje n’ishusho aho aboneka ari mu nzu y’ubuhinyanyuzi.

Uwo muririmvyi akaba yaheruka kumenyesha ko afise indirimbo zitari nke yakoreye muri Tanzania, azoshira ahabona bukebuke. ariko mu kwezi kumwe gusa akaba asubiye muri Studio. Akaba yabonetse ari muri MA Production kwa Amir Pro

Mukamenya ko ako karirimbo, Ex Girlfreind, ubu kamaze kurabwa incuro zirenga 33.000 Ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

11,590 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment