Scroll to Top

Amabanga y’urukundo rwa Diamond na Jokate abandanya amenyekana

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 12 Aug 2018 12:45 PM / /

Jokate aheruka kwizerwa na Leta ya Tanzania agahabwa kurongora akarere kamwe muri Tanzania, yavuye mu gacerere avuga Ku rukundo rwiwe na Diamond Platnumz.

amabanga y’urukundo hagati ya Jokate na Diamond abandanya ashirwa ahabona buke buke, inyuma yaho uwo mukobwa yizerewe n’umukuru w’igihugu ca Tanzania.

Bugingo Diamond amenyesheje ko yicuza kuba yaratandukanye na Jokate, igituma ngo ar’uko ata kabi yamubonyeko, uwo mwigeme nawe yahavuye ava mu gacerere.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Tuko co mu gihugu ca Kenya, avuga ko uwo munyapolitique, Jokate, yamenyesheje ko atazi vy’ukuri icoba caramutunye agendana na Diamond.

Jokate akaba yavuze ko hari ibintu bigoye gusobanura, murivyo, harimwo ibishobisho umuntu aba afitiye mugenziwe.

Mukamenya ko inyuma Diamond, Jokate atahagaritse kuko yahavuye asimbira kuri Alikiba nawe. Nawe bakaba batamaranye igihe.

7,192 total views, 0 views today

Add Comment