Scroll to Top

Wolper Jackline avuga kw’isohokana n’umugabo w’umunyamahanga

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 12 Aug 2018 13:03 PM / /

Abagabo bari imice 2, hari abanyamahanga n’abo bava hamwe, Wolper yatanze umuco mu kinyamakuru Amani, uwo yohitamwo.

Mu gihe yigeze kuvuga ko umugabo w’umunyakenya aramutse amuronse, intambwe yokurikira kwoba ari ukuronder umwana, Jack line Wolper aheruka guhindura iciyumviro.

Mu kiyago yagiranye n’ikinyamakuru Amani, uwo mukunzi wa kera wa Harmonize avuga ko aho ageze ata muhungu w’umunyamahanga bifatanya urugendo rw’urukundo, nkuko amakuru dukesha ikinhamakuru Standard co mu gihugu ca Kenya abishikiriza.

Uwo mudandaza akaba n’umukinyi w’amareresi, akaba nkuko ayo makuru abandanya abishikiriza ngo ariko yitegurira kwugurura iduka mu gihugu ca Kenya.

Mukamenya ko uwo mwigeme inyuma y’ukuvana na Harmonize ubu arikumwe n’umutaliyanokazi, atawundi mugabo barasubira gusohokana.

6,854 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment