Scroll to Top

Basket Ball: Sangwe Armel mu bakinyi bitwaye neza mw’ihiganwa ry’Urwanda.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 13 Aug 2018 00:09 AM / /

 Umusore akiri muto w’umurundi akinira umugwi wa Espoir BBC mu gihugu c’Urwanda niwe yatowe nl’umukinyi mwiza mu bakinyi bose bakiri bato (Most improved Player) baranze ihiganwa rya Basket Ball mu gihugu c’urwanda.

Sangwe Armel asanzwe afise iteka rikomeye kuba ariwe mu kinyi mw:ihiganwa riheze yatsinze amanota menshi kurusha abandi mu rukino rumwe, amanota arenga 40.

Uno musore yaciye mu mugwi wa Gymkana wa hano i Burundi ukiri mu cicaro ca kabiri mu mwaka wa 2014, imbere y’uko aja kwiga mu gihugu c’Urwanda.

Abandi bakinyi bigenjeje neza muri iryo higanwa ni:

  • Kaje Elie ( REG): Best Rebounder
  • Kami Kabange: Top Scorer
  • Sagamba Sedar : MVP

Mwomenya ko umugwi wa Patriots ariwo watahukanye igikombe ca Play Off utsinze REG BBC imenyerezwa na Patrick Richard, umumenyereza wa hano i Burundi.

5,499 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment