;
Scroll to Top

#Diaspora | Muri Festival Nezeza hazoboneka inararibonye n’ibihangange mu muziki ndundi

By KING YANN COOL / Published on Monday, 13 Aug 2018 12:29 PM / No Comments / 492 views

Abaririmvyi nka Kaka Boney, Yoya Jamal, Steven Sogo, Inarunyonga, Africa Nova ni bamwe mu bazitabira isabukuru ryitiriwe Nezera ririko rirategurirwa muri America.

Naho ata vyinshi biramenyekana kuri ico gikorwa, ariko amagekerezo ya 31/8 na 1/9 haramaze kumenyekana ko ariho ivyo birori bizoba, bikazobera muri Portland Public Library guhera isaha cumi z’umuhingamo, no kuri Gold Room muri Portland Maine nyene.

Ukwinjira muri ivyo birori biriko bitegurwa n’abagize ishirahamwe ry’abaririmvyi baba mu mahanga, akaba azoba ari amafaranga y’amanyamerika 20 gusa.

Mukibuka ko iryo shirahamwe risanzwe rifise abariserukira mu bihugu bitandukanye, birimwo ibiri Ku mugabane wa America, ho banaheruka gutora abatwara iryo shirahamwe Kuri uwo mugabane

12,184 total views, 0 views today