;
Scroll to Top

#diaspora | Inyuma ya Bujumbura, Dady face abarizwa I Dar es Sallam

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 14 Aug 2018 15:02 PM / No Comments / 685 views

Uruhererekane rw’ibiganiro, nirwo Dady face agiye gukorera muri Tanzania, akazobikorera Ku mboneshakure n’insamirizi zaho.

 

Inyuma yaho ashikiye I Bujumbura, akahashirira ahabona akaririmbo yakoranye na Bella umunyaTanzaniya, Dady Face yamaze gushika muri Tanzania.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Dady Face yamenyesheje ko yatanguye uruhererekane rw’ibiganiro azokorera Ku nsamirizi n’imboneshakure zo muri Tanzania.

Urwo ruhererekane akaba yarutanguriye kuri Wasafi TV, aho yanafashe agafoto ari Imbere y’icicaro gikuru c’iyo mboneshakure. Ivyo bikorwa ariko akorera muri Tanzania, akaba atabashije kumenyesha igihe bizorangirira.

Mukibuka ko uwo muririmvyi ari mu barundi babarizwa muri amerika baririmba cane mu rurimi rw’icongereza, n igiswahiri kandi banavuzwa cane muri Ico gihugu kibazwa Magufuli.

12,948 total views, 0 views today