Scroll to Top

Willian yatanze impamvu yatumye aguma muri Chelsea

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 17 Aug 2018 15:52 PM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’umunya Brezil Willian yatanze Impamvu yatumye aguma mu mugwi wa Chelsea aho kugenda muri Fc Barcelona .

Willian akaba yabwiy kimwe mu binyamakuru vyo mu bwongereza y’uko yagumye mu mugwi wa Chelsea bivanye y’uko uwahoze ari Umumenyereza w’uyo Mugwi wa Chelsea Antonio conte yirukanywe .

Bikavugwa y’uko Antonio Conte ntiyigeze ahuza na bakinyi batari bake bo mu mugwi wa Chelsea harimwo n ‘uyo mukinyi Willian .

Antonio Conte akaba yigeze gutwara igikombe c’ubwongereza VPL co mu mwaka wa 2016-2017 ariko mu kwezi kw’indwi yahavuye yirukanwa muri uyo mugwi bivanye y’uko yarangije ihiganwa ari mu kibanza ca 5.

Umugwi wa Chelsea, usanzwe ukinamwo uyo mukinyi Willian umaze gukina urukino rw’ambere rw’a VPL , aho watsinze Huddersfield ibitsindo 3-0 uri kumwe n’umumenyereza mushasha Maurizo Sarr.

10,895 total views, 0 views today

Categories : Football Sports World News

Add Comment