Scroll to Top

Habonetse umuco Ku ndirimbo ya Diamond Platnumz na Rihanna

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 16 Aug 2018 16:28 PM / /

MasterLand

Ata gihindutse ngo akaririmbo ka Diamond na Rihanna kazoshirwa ahabona, naho hataramenyekana igihe.

Mu gihe hari urukurukuru ko Diamond agiye gushira ahabona akaririmbo arikumwe na Rihanna, umwe mu basannzwe bamusahiriza Salam Saleh yatanze umuco.

Mu kiganiro The Playlist ya Times FM, uwo musahirizi yemeje ko hari indirimbo ya Rihanna na Diamond ihari, ariko anongerako ko hataragera ko isohoka kuko inkono ihira igihe cayo.

Muri ico kiyago nyene, yanemeje ko hari indirimbo Diamond yiteze gukorana na Drake, ariko ngo ntacizere botanga vya cane, kuko hakiriho ibiyago bigikorwa.

Izo ziramutse zisohotse zikazoba zisanze izindi yakoranye n’ibihangange muri America nka NEYO, Omario, Jason Derulo n’abandi.

8,063 total views, 0 views today

Add Comment