Scroll to Top

Primus Ligue: Abahagarikizi bongerejwe agahembo.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 17 Aug 2018 09:42 AM / /

Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 17 Myandagaro, niho urukino rwa mbere rw’ihiganwa rya Primus Ligue y’umwaka wa 2018-2019 rwatangura, ihiganwa ritanguye neza ku ruhande rw’abahagarikizi kuko bararanye inkuru nziza.

Agahembo bahora bahabwa kuri buri rukino bahagarikye karaye kongerejwe kavanwa ku bihumbi icumi na bitanu (1.5000fbu) gashirwa ku bihumbi mirongo ibiri na bitanu (25,000fbu). Aho akaba ari ku bahagarikizi batanu basanzwe aribo baba bahagarariye urukino rumwe.

Ivyo bikaba bigiye kuba ku nkino zose zo mu cicaro ca mbere, mu kurindira ko n’abo mu cicaro ca kabiri nabo bashobora kudugirizwa igihe co mu kwezi kwa Munyonyo, iryo higanwa rizotangurirako.

12,398 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment