Scroll to Top

Ntahangwa: Amashure yisumbuye 24 yarafatiwe ingingo n’ubushikiranganji bw’indero

By Julien Barinzigo / Published on Friday, 17 Aug 2018 15:31 PM / /
Janvière Ndirahisha, umushikiranganji w’indero

Ubushikiranganji bw’indero buherutse kwandikira abayobozi b’amashure yisumbuye amwe amwe yo muri Komine Ntahangwa bubamenyesha ko amashure barongoye ahagaritswe vy’agateganyo, yatswe ibisata bimwe ayandi yugawe burundu.Ayo mashure yisumbuye agera ku 24.

Abayobozi bamwe baganiye n’ikinyamakuru Indundi Magazine bavuga ko iyo ngingo batayakiriye neza mu gihe bariko barisuganya.

Ayo mashure ni aya akurikira.

1.Lycée don de Dieu
2.Sescom
3.G.I.B
4.Ecotesa
5.Saint Gabriel
6.Lycée Technique Bukirasazi
7.Collège espérance
8.C.E.I.L.A
9.Lycée technique de la foi
10.L.T Flambeau de l’espoir
12.Nelson Mandela
13.ETAP
14.L.T.I de kiyange
15.Ecole maison de sagesse
16.L.T.carama
17.L.T Buterere
18.L.Saint Eloi
19.Ecole maternelle saint Nicolas
20.Safe school
21.Maranatha les bambins
22.Wings of destiny
23.Kibanguste
Nkuko vyemezwa n’umuyobozi ari mu bandikiwe atashimye ko tumenyesha izina ryiwe ayo mashure yose amenshi ajanye n’ivyo ubuhinga ari mû buyobozi bw’indero ku rwrgo rwa komine Ntahangwa.

Ku mashure mwe hugawe ibisata, ayandi yagagwa Burundi.Ni nka Lycée Technique Carama yoba yugawe burundu biturutse ku bukene bw’ibikoresho nyunganiranyigisho ni ku nyubakwa zikwije ibisabwa.

Harinde y’ivyo ubushikiranganji bwagirije muri ukukwezi kwa Mukakaro ko amashure yabo yaronse intica ntikize mû kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza.

Abo barezi ngo barabuze ayo bacira n’ayo bamira mû gihe batabina iyo bazoshira abaragwa bahora bareze.Aba kurikiranira hafi ivyo indero hafi bavuga ko muri ico gihe umuregwa ariwe ahamereregwa nabi mû gihe Reta iba yaratanze uruhusha kuri bene ayomashure kwakira abaregwa.

12,481 total views, 0 views today

Add Comment