Scroll to Top

Ubwo Karim yarakwiye kudatumirwa mu Ntamba mu rugamba?

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 17 Aug 2018 16:33 PM / /

Umukinyi w’inyuma w’Intamba mu Rugamba Karim Nizigiyimana batazira Makenz ariko akina iminota ishimishije muri uyo mugwi naho yari amaze igihe ari ku mvune.

Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 16 Myandagaro umwaka wa 2018 Umugwi Chemilil wakiriye Gormahia ya Karim makenz hamwe na Ndjali mu rukino rw’ihiganwa ryo muri Kenya, aho Umugwi Gormahia watsinze Chemilil igitsindo 1-0.

Ibintu biguma bitangaza benshi n’ukungene ihiganwa ryo muri Kenya rikomeye cane Kandi bakinisha inguvu zidasanzwe ariko Karim Makenz agakina iminota 75 akanitwara neza. Ariko ntatumirwe mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba.

Karim Makenz akaba yigeze kuronka imvune ikomeye Ku kuguru kwiwe Ku buryo vyatumye amara amezi arenga 10 adahonyoza ikirenge mu kibuga. Muri kino gihe ariko atangura kwitwara neza.

12,418 total views, 0 views today

Add Comment