Scroll to Top

Diamond Platnumz yavuze ku mugufu wo kukuguru yambara

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 18 Aug 2018 10:55 AM / /

Diamond ati Buri muntu afise uburyo yambara kandi ntawumushirako igitsure ngo yambara ico atipfuje. Abibaza ko bobishobora ngo nibacire birarura.

Diamond platnumz yavuze ku mugufu wo ku kuguru agize igihe yambara, uwo ukaba wari umaze imisi uvurwako vyinshi, aho bamwe bamwise umutinganyi, Homosexual.

Mu kiyago na Wasafi TV, yavuze abo Batangas insiguro kuri uwo mwambaro yahisemwo kwambara aribo bakora amakosa, kuko uwo ufise insobanuro zitari nke bivanye n’igihugu.

Uwo muririmvyi akaba yanongeyeko ko we atawumuharurira uko yambara, arico gituma ata kibazo bitumera kwamabara uko yiyumva. Nuko ngo buri muntu aba afise Style yiwe.

Ku nsobanuro yatanze kuri iyo migufu, akavuga ko yambara abantu bari bafunzwe ariko ngo bari abarwanyi no mw’ibohero. Abo ngo baca babambika iminyororo ku maguru no ku maboko bituma batabasha gutera ibibazo muri iryo bohero. Mu gihe atorotse ngo yaraheza akabica kugira aronke uko yiruka, aho ngo akaba ariho havuye iyo migufu yaba iyo ku maboko canke ku maguru.

Diamond akaba Atari irya 1 avuzweko amajambo ku bintu bitashimwe n’aba canke bariya, aho mukibuka aho yitoboza izuru, aho yambara umugufu wo mw’izosi uriko umusaraba kandi ari umu musulman naho nyene akaba yavuzweko ibitari bike.

2,224 total views, 0 views today

Add Comment