Scroll to Top

Kingorongoro abahanura kudakorera kubonwa canke ugukundwa

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 18 Aug 2018 16:07 PM / /

Kingorongoro avuga ko ugusohoka igihugu kwa bamwe mu baririmvyi bakaja gukorera ibikorwa mu mahanga, ngo bifasha kwagura umuziki.

Mu kiyago yagiranye na Akeza Web TV, uwo muririmvyi wa Girl Freinds, akaba yabandanije kandi avuga ko akanyoni katagurutse katamenya iyo bweze, ngo kuba Baja mu mahanga gukorerayo, biratuma nabo bamenya vyinshi kurusha.

Uwo muririmvyi wa Trust no Body, akaba abona ko umuziki ndundi uzotera imbere aruko abaririmvyi ndundi bakundanye, ngo niwo muti, kandi biramutse bikozwe nta nkeka ugutera imbere birakaka.

Kingorongoro ntiyanaretse kuvunira akagohe abaririmvyi bagenziwe aho abatumira guhaguruka bagakorana umwete. Ngo ntibakore kugira bakundwe, canke ngo babonwe ariko bakore barondera iterambere.

Mukibuka ko uwo muririmvyi aheruka kumenyasha ko ariko arategura gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha, ako karamutse gasohotse kakaba kazoba gasohotse mu gihe hari utundi 3 yakoreye muri Tanzania yemeye tutarasohoka.

19,398 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment