Scroll to Top

Primus league | Vital’o yatanguye ikubitwa na Aigle Noir

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 19 Aug 2018 13:36 PM / /

Kuva Ku musi wa Gatanu igenekerezo rya 17 Myandagaro umwaka wa 2018, Ihiganwa rya Primus league ryari ryamaze gutangura aho Umugwi Messager Bujumbura Watsinze Flambeau du Centre igitsindo 1-0.

Kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 18 Myandagaro, Umugwi Aigle Noir wakiriye Vital’o Fc Ku ndwi ya mbere ya Primus league .

Ntivyoreye Umugwi Vital’o Fc aho yatanguye nabi ikubitwa na Aigle Noir ibitsindo 2-0 , ivyo bitsindo bikaba vyatsinzwe n’uwitwa Kevin hamwe na Amissi.

Ku yindi migwi yakinye, Umugwi Bumamuru Fc watsinze Rukinzo Fc ibitsindo 2-0, mu gihe Kayanza United yanganije igitsindo 1-1 na Les lierres, Athletico Olympic nayo inganya na Ngozi city 0-0.

10,618 total views, 0 views today

Add Comment