Scroll to Top

Musongati yanyagiye imvura y’ibitsindo 4-1 Olympic Star

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 19 Aug 2018 15:26 PM / /

Kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 19 Myandagaro Ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega hari haramutse haba urukino rw’indwi ya mbere ya Primus league, rwahuje Umugwi wa Musongati hamwe na Olympic star.Urwo rukino rwarangiye Musongati Fc inyagiye imvura y’ibitsindo 4-1 Olympic Star .

Ibitsindo bine vya Olympic Star bikaba vyatsinzwe n’abakinyi babiri, Pascal na Saidi, bakaba bagiye batsinda ibitsindo bibiri bibiri, mu gihe ica Olympic Star catsinzwe na Olivier .

Hussein welo yahoze amenyereza Umugwi wa Olympic Star, muri kino gihe yimukiye muri Musongati Fc niwe yashoboye kubanyagira ivyo bitsindo.

9,472 total views, 0 views today

Add Comment