Scroll to Top

Pierrot Kwizera yankiye Rayon Sports kuyifasha mu rukino rwa Yanga Africans.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 25 Aug 2018 03:11 AM / /

Umukinyi w’umurundi yahora muri Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda, Pierrot Kwizera yafashe ingingo y’ukudafasha umugwi yahozemwo mu rukino ryzowuhuza na Yanga Africans, mu gikombe ca Confederation.

Amakuru ava mu kinyamakuru, Ruhagoyacu, amenyesha ko uno musore yamaze kurangiza amasezerano muri Rayon Sports, akaja gukina mu gihugu ca  Oman, yari yasabwe ko yofasha ariko nk’ikiraka muri urwo rukino, yanse kurukina.

Pierrot Kwizera yamenyesheje ko ashima ikiringo kirenga imyaka itatu yabanye na Rayon Sports, kuko yashoboye kwigaragazaaa nk’umukinyi mwiza, bimuha amahirwe y’ukunguruza.

Uno mukinyi akinira intamba mu rugamba akaba arindiriwe hano i Bujumbura mu myimenyerezo y’ugutegura umugwi nserukiragihugu, ugiye kwitegurira igihugu ca Gabon, mu kurondera itike ija mu gikombe ca Afrika muri Cameroun mu mwaka wa 2019.

8,410 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment