Scroll to Top

Basket Ball: Urutonde rw’inkino zisozera ihiganwa ry’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 30 Aug 2018 13:21 PM / /

Mu mpera z’ino ndwi turimwo, hano mu gisagara ca Bujumbura, hazobera inkino za nyuma z’ihiganwa ry’igihugu mu rukino rwa Basket Ball.

Imigwi igera kuri ine mu bagabo hamwe n’iyindi ine  mu bapfasoni  niyo igiye guhiganirwa ikibanza c’uguseruira igihugu mu nkino z’akarere ka gatanu, mu rukino  rwa Basket Ball.

Inkino rero zikazobera ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama ( Departement des Sports). Kuva ku munsi wa gatandatu igihe c’isaha zitatu z’agatondo.

9h: Berco Stars- Rumuri

11h: Les Gazelles- Aigle Noir BBC

13h: Dynamo- Target

15h:  Gymkana- New Stars

Igiciro c’uwinjira muri izo nkino kikaba cashizwe ahabona n’abajejwe gutegura iryo higanwa.

Impande z’ikibuga : 2000FBU- 5000FBU

Ubwagamo bw’iteka: 10000FBU.

Inkino za nyuma zikaba zitegekanjwe ku w’Imana nyene kuri ico kibuga.

12,345 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment