;
Scroll to Top

Gael Bigirimana yafashije Motherwell gutsinda Dundee Fc

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 01 Sep 2018 14:45 PM / No Comments / 815 views

Umukinyi wo hagati w’umugwi W’intamba mu rugamba hamwe n’umugwi Motherwell yo muri Ecosse, Gael Bigirimana, yafashije Umugwi wiwe gutsinda Dundee Fc.

Hari kuri uyu wa gatandatu,  Igenekerezo rya 1 Nyakanga  Umugwi Motherwell wakiriye Dundee Fc mu rukino rw’indwi ya 4 rw’ihiganwa ryo muri Ecosse, Premiership.  Urwo rukino rukaba rwarangiye Motherwell utsinze Dundee Fc ibitsindo 3 kuri 1.

Muri Ivyo bitsindo bitatu vya Motherwell, ica 2 kikaba ari ica Gael Bigirimana.  Uwo murwi ukaba uri mu kibanza c’ 9 n’amanota 4 mu nkino 4 nyene.

Gael Bigirimana n’umwe mu bakinyi bariko bafasha bikomeye uyu mugwi. Mu rukino rw’indwi iheze yatanze imipira ibiri  ivamwo ibitsindo,  babona  kunganya na As Rengeres mu rukino rw’indwi ya 3.

Uyo mukinyi akaba yitezwe mu gisagara ca Addis abeba Ku musi Wa gatatu, bakazoca bafatanya urugendo na bagenziwe berekeza muri Gabon. Bakabazoba bagiye kurondera itike ryukuja muri CAN 2019, mu rukino ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu wa  Gabon.

1,949 total views, 0 views today