Scroll to Top

Ethiopie- Burundi: Urukino rwarangiye banganije (1-1) mu rukino rwa kivandimwe.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 02 Sep 2018 13:01 PM / /

Kuri uno w ‘Imana, umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba wakiriwe n’igihugu ca Ethiopia mu rukino  rwa kivandimwe, barangiza banganije kimwe ku kindi.

Igitsindo cabonetse ku ruhande rw’Uburundi gitsinzwe na Hussein Shabani Tchabalala ku munota wa 56, kigomborwa na Ethiopia ku munota wa 74.

Urwo rukino rukaba rwari mu ntumbero y’ugupima abakinyi  bari bamaze iminsi  bakora  imyimenyerezo hamwe n’abandi bavuye mu yandi mahiganwa yo mu bihugu vya kure.

Uburundi bukaba buriko butegura urukino rwo ku wa 8 Nyakanga,  buzokina n’igihugu ca Gabon  i Libreville, mu rukino rw’ukurondera itike y’igikombe ca Afrika ku migwi nserukiragihugu kizobera mu gihugu ca Cameroun

 

21,135 total views, 0 views today

Add Comment