Scroll to Top

Berco Stars: Claude Kantore arashimira cane abakinyi biwe.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 02 Sep 2018 14:10 PM / /

Inyuma y’ugutahukana igikombe c’igihugu ku uni w’Imana, Umemenyereza wa Berco Stars Claude Kantore, arashima uko abakinyi biwe bitwaye  muri ino higanwa.

Berco Stars yatsinze mu rukino rwa nyuma Les Gazelles ku manota 53 kuri 45, bituma uno mugwi ukwiza igikombe ca 11 c’igihugu batwaye muri kahise k’urukino rwa Basket Ball hano mu Burundi.

Inyuma y’urukino wari umunezero mwinshi ku mumenyereza wa Berco Stars, Claude Kantore atahukanye igikombe ciwe c mbere c’igihugu ari umumenyereza mukuru.

“Ubwa mbere n’ugushimira imana rwose, nkashimira abakinyi banje bakurikije impanuro zo mu myimemenyerezo dushobora gutsinda uru rukino bsa n’uko bitworoheye.”

Berco Stars ikaba yari yatakaje igikombe co mw’ihiganwa ryo mu gisagara ca Bujumbura ariko mu ntango z’uno mwaka ikaba yari yatahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu.

Berco Stars rero igiye guserukira igihugu mu nkino z,akarere ka gatanu zitegakanijwe i Dar es Salam, mu mpera za kuno kwezi.

33,744 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment