Scroll to Top

Basket Ball: Berco Star na New Star niyo migwi yatahukanye ibikombe vy’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 02 Sep 2018 14:07 PM / /

Kuri uno w’Imana niho hasozerwa ihiganwa ry’igihugu mu rukino rwa Basket ball , inkino zabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama.

Igikombe ku ruhande rw’abakobwa kikaba catwawe na Berco Star itsinze Les Gazelles ( 53-45), mu bagabo gitahukanwa na New Star itsinze Gymkana (76-75).

Inyuma y’izo nkino zari zitabiriwe n’abakunzi b’urukino rwa Basket Ball benshi cane, kabaye akaryo kugushimira abigenjeje neza muri izo nkino, harimwo gutanga ibikombe.

Abakinyi bigenjeje neza mu bigeme : Iziguriza Nadege ( Berco Star)- Gaima Gysaine ( Les Gazelles) . Mu basore: Nkanira Bellon ( New Star)- Paulin ( Gymkana).

Iyo migwi rero uko ari ibiri ikaba igiye guerukira igihugu mu nkino z’akarere ka gatanu, zitegekanijwe mu mprea za kuno kwezi kwa Nyakanga, muri Tanzania.

21,829 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment