Scroll to Top

Arakaza Mac Arthur arifuriza amahirwe intamba mu rukino rwo ku wa gatandatu.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 04 Sep 2018 00:44 AM / /

Umunyezamu w’intamba mu rugamba, Arakaza Mac Arthur aripfuriza  bagenzi we, imyimenyerezo myiza n’amahirwe mu rukino rugiye guhuza Uburundi n’igihugu  ca Gabon.

Mac Arthur aheruka mu mugwi nserukiragihugu mu kwezi kwa Kigarama mu nkino za CECAFA Senior Challenge, akina mu gihugu ca Kenya, yatanze ubutumwa bukurikira kuri  bagenziwe bariko bategura urukino rwo ku wa gatandatu.

Abakinyi bose batumweko n’umumenyereza ndabizeye bose ko bashobora gushikana igihugu kure, ndabifuriza gukora imyiteguro myiza n’amahirwe kugira Uburundi buze buvane amanota atatu muri Gabon.”

Arongera akagira n’ico avuga kubona umumenyereza mukuru atamutumyeko mu bakinyi yahamagaje ngo bategure urwo rukino.

Nanje ndatangara mu bandi impanvu ntatumwako kandi meze neza muri kino gihe,  ar iko Uburundi bufise abakinyi benshi kandi beza, umumenyereza aba afise ico afatirako kugira atumeko umukinyi. Nibaza ko ngifise inguvu n’ishaka ryo gukinira intamba mu rugamba nk’uko namye.”

Muri kino gihe uno mukinyi akaba ariko arakinira Kakamega Homeboyz mw’ihiganwa rikuru ryo mu gihugu ca Kenya, aho umugwi wabo uri mu kibanza ca 9 n’amanota 37, mu gihe basigaje inkino zitanu ngo brangize ihiganwa ryabo.

Arakaza Mac Arthur akaba amaze  gutumwako mu mugwi nserukiragihugu kuva mu mwaka wa 2012 gushika 2017, amaze kugaragara mu nkino zigera kuri 42.

9,386 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment