Scroll to Top

Fabelove yasavye imbabazi B Face

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 05 Sep 2018 13:24 PM / /

Fabelove yasavye imbabazi uwo yaririmvye muri Dogo, kandi ako karirimbo kagize igihe kabica bigacika.

Indirimbo Dogo kuba yarakozwe nta rwanko rwari rurimwo, ahubwo ngo kwari ukunusubiriza mu nkoko ngo amenye ko ivyo ariko akorera abadashoboye kumwishura bibabaza gusumba. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Fabelove mu kiyago yagiranye na IndundiTv.

Uwo mwanditsi w’indirimbo Mwana w’imuhira, akaba yavuze muri ico kiganiro ko ata kundi yari kugira, ngo naho B face yababaye, ngo niyihangane kuko muri Hip Hop Niko bigenda. Ariko anagirako amusaba imbabazi kuba vyarabaye.

Fabelove muri ico kiganiro c’iminota 10, yanavuze ko uwo muririmvyi avuga ko yiswe umwami wa Hip Hop, ngo sivyo na gato, kuko avanga cane umudiho wa Hip Hop na Ragga. Iyo yanyuma ikaba ari nayo iba nyinshi bigatuma Hip Hop ibura irengero.

Akaba kandi muri ico kiyago yanagiriyeko amukosora, kuko ngo yatanze insobanuro zitarizo z’itandukaniro rya Hip Hop na Rap. We akavuga ko Rap ari uburyo baririmbamwo, nayo Hip Hop ngo akaba ari uwo mudiho w’ingoma, Beat.

Mukamenya ko B Face yimirije gushira ahabona akaririmbo gashasha, agize igihe afatwa mu gahanga n’abaririmvyi batari bake. Bamwe bakaba barananditse indirimbo, 19th, Fabilove, PIM n’abandi.

9,145 total views, 0 views today

Add Comment