Scroll to Top

# Indundi Sports| Djuma Mossi yifadikanije na barumunawe muri Gabon

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 08 Sep 2018 06:13 AM / /

 

Uwahoze ari Kizigenza w’Intamba mu Rugamba akanakinira umurwi nserukira gihugu ku barenza imyaka 12 Djuma Mossi yifadikanije na barumunawe muri Gabon.

Djuma ubu asanzwe aba i buruseli yafashe indege Ku musi wa gatatu yerekereza i Libreville aho  yishikiye kuraba urukino rw’Intamba mu rugamba n’igihugu ca Gabon ruza kuba isaha 17h zo kumuroba mu msaha ya hano iwacu.

MasterLand

Uno mukinyi yahoze akinira mu gihugu ca Gabon , afise uruhara rukomeye cane mu gufasha abakinyi b’abarundi bari kumugabane w’uburaya kuza gufasha bene wabo .

Djuma mossi yakinye mu migwi yo mu bihugu bitandukanye nka Gabon, Ububirigi, Qatar ,Dubai , nayo muri kino gihe akaba amenyereza abakukuruke baba mu gihugu c’ububirigi

5,748 total views, 0 views today

Add Comment