Scroll to Top

# Indundi Sports | Niyungeko Olivier ati :”Twaje kurondera itsinzi ntitwaje gutembera”

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 08 Sep 2018 06:47 AM / /

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze , umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Olivier Niyungeko yatanze ikiganiro Ku bamenyesha makuru bo mu gihugu ca Gabon, aho yavuze y’uko batajanywe no gutembera nyabuna baje kurondera itsinzi.

 

Akaba yagize ati” Ntitwaje gutembere muri Gabon, twaje kurondera Itsinzi naho urukino ruza kuba rugoye twebwe umukino wacu ntuza kuza kuzibira Obameyang tuza kuzibira gusa umukinyi wese wa Gabon “.

MasterLand

Olivier Niyungeko yitwaje ingabo ziwe arizo ziza kuba ziyobowe na Saido Berahino  bitize y’uko aza gukura amanota 3 muri Gabon.

Intamba mu rugamba ikaba iyoboye Itsinda rya C n’Amanota 3 , Igakurikirwa na Mali nayo nyene ifise Amanota 3 n’ibitsindi 2 , Iyagatatu ikaba ari Gabon n’amanota 0 , iyanyuma ni Soudan y’epfo n’amanota ubusa.

6,242 total views, 0 views today

Add Comment