Scroll to Top

Basket-ball : Les Hippos baraye batahukanye igikombe ca mbere

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 11 Sep 2018 18:07 PM / /

Umugwi wa Les Hippos wo mu cicaro ca mbere mu rukino rwa Basketball, waraye utahukanye igikombe cawo ca mber kuva ushingwa.
Mu mpera z’ indwi twaraye turangije ushirahamwe Raising génération ryaratunganije ihiganwa mu ntara ya Ngozi. Muriryo hari hatumiwe imigwi itandukanye yo mu ntara zo hagati mu gihugu n’I Bujumbura.
Imbeya ziva i Gitega, Les Hippos ziva i Bujumbura, hakongerako imigwi yo mu gisagara ca Ngozi Target Intamenwa- Young Sisters- Messager BBC.
Ibikombe bikaba vyatahukanywe na les Hyppos batsinze Messager BBC amanota 105 kuri 85. Mu bigeme catwawe na Young Sisters batzinze Messager BBC 48 kuri 38.
Ubushimwe butandukanye bukaba bwaratanzwe na Raising Generation . Iruhande y’ibikombe vyatanzwe ku migwi ya mbere, imigwi yararonkejwe amabahasha .
1. Les Hipppos : 500.000Fbu
2. Messager BBC: 400.000Fbu
3. Target & Imbeya : 300.000fbu
Mu bakobwa:
1. Young Sisters: 400.000fbu
2. Messager BBC : 300.000fbu

Ubundi bushimwe bukaba bwaratanwze ku bantu bitanze ngo iryo higanwa ritunganywe

9,873 total views, 0 views today

Add Comment