Scroll to Top

Etoile du Centre umuziki ngo ntibawutaye

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 13 Sep 2018 01:11 AM / /

Akaririmbo gashasha buca kaboneka kubera akagobera k’abakunzi b’ibikorwa vya Etoile du centre.

Indirimbo nshasha ya Etoile du centre abantu ngo bayitege, ivyo biheruka kwemezwa na Willy bakunze kwita Willy Etoile du centre.

Aganira na Indundi Magazine, uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko ako karirimbo bagakoze kubera akagobero k’abakunzi b’ibikorwa vyabo.

Tumubajije nimba ata mugambi bari bafise, ko wumva bagondojwe n’abakunzi b’ibikorwa vyabo, uwo muririmvyi yavuze ko umuziki batari barataye.

Twanashatse kumenya nimba bazoba ari bose muri ako karirimbo, Willy atubwira ko ako bakwiye Bose kataraboneka, ariko ngo “Rwasaze”, akazina kayo, izumvikanamwo 2 gusa. We na Pacy Nzitonda.

Mukamenya ko hari haheze igihe kitari gito uwo murwi udasohora akaririmbo na 1. Abantu bamwe bamwe bakaba Bari bazi ko watandukanye

11,357 total views, 0 views today

Add Comment