Scroll to Top

Marcelo yemeye gutanga ihadabu yari yarihishijwe kumvo z’ukudatanga ikori.

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 12 Sep 2018 09:01 AM / /

 

Umukinyi w’inyuma afise ubwene gihugu bwa Brezil akongera agakinira umugwi Real Madrid Marcelo yemeye gutanga ihadabu yarihishijwe kumvo zo kudatanga ikori mu gihugu ca Espagne.

Akaba yemeye gutanga iryo kori inyuma y’ibiganiro yagiraniye n’umuca manza asanzwe ahagarariye ibintu vy’ikori mu gisagara ca Espagne .

Marcelo umwaka uheze , yari yagirizwa y’uko yakoresheje amanyanga kugira ntahave arihishwa iryo kori, bikavugwa yuko iyo atariha iryo kori yari gukatirwa igifungo c’amezi ane (4).

Akazoriha ihadabu ryama euro angana n’ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu n’atatu ( 753,000€).

MasterLand

Mu kibukako ivyo bidashikiye Marcelo wenyene kuko vyigeze no gushikira Christiano Rinaldo hamwe na Lionnel Messi ndetse na Jose Morihno , aho nabo bigeze gukwepa kurihishwa ikori muri ico gihugu munyuma intahe ibakubita mu gahanga bahava bishura.

6,242 total views, 0 views today

Add Comment