Scroll to Top

# Indundi Sports | Ally Samantha indoto zo gutunga indege zatanguye kuri we

By Editor / Published on Wednesday, 12 Sep 2018 11:07 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi mu mugwi nserukira gihugu ca Tanzania Taifa Stars akongera akaba na Kizigenza bwana Ally Samantha ngw’indoto zo gutunga indege (Private jet) zatanguye kuri we.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 12 Nyakanga niho uyo mukinyi yandika amajambo abicishije kuri Instagram yiwe aho avuga yuko indoto zo gutunga indege  yiwe bwite zatanguye inyuma yo kwifotoza ari iruhande yayo .

MasterLand

Samantha akaba yanditse mu guswahiri avuga ati” Ndoto za kumiliki private jet zimeanza baada ya kupiga picha hiii sio kila ndoto inaweza kutimia ila acha vita ianze”. Ayo akaba ari amajambo ya bwana Samantha .

Samantha akaba asanzwe akina mu mugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’ububirigi Genk .

14,406 total views, 0 views today

Add Comment