Scroll to Top

Romeo ntakiri icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi, yatanze imihoho

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 13 Sep 2018 05:41 AM / /

Romeo ngo yakinjuye muri Amicale abisa abafise ivyiyumviro birashe, kugira bashikane abaririmvyi kw’iterambere atabashikanyeko.

Ininahazwe Romeo ngo ntakiri icegere c’uwurongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, Amicale des musiciens du Burundi. Ivyo akaba aheruka kubishikiriza Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Kuri urwo rubuga nyene, uwo muririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi yavuze ko imvo n’imvano y’ugutanga imihoho, ar’uko uwo muririmvyi yasanze uburyo abona ko yoshikana abaririmvyi kw’iterambere bitokwemerwa. Niko guca ashima gukinjura kugira abamusumvya ubutwari nabo baheze bafate ikibanza.

Uwo muririmvyi ntiyaretse muri ayo majambo yanditse Ku musi wa mungu gushimira abamwizeye, bakamushira muri ico kibanza. Ico kibanza akaba yarakimazemwo igihe kingana n’umwana hafi n’inusu.

Abamukurikirana bamwe batanguye kutamubona neza, kuko bavuga ko ivy’itangwa ry’imihoho bidakorekera kuri Facebook, ariko ngo abimenyesha ababijejwe. Akaba yahavuye amuha umuco amubwira ko abamukurira babizi kuva kera.

Abandi bo bakaba bamukeza kuko ngo muri kino gihe bikora bake, aho ubonye ibitagenda neza uheza ugakinjura. ariko ngo bamwe bashima kwinumira.

Mukibuka ko Romeo na bagenziwe barimwo Willy nsirabahenda, Masterland n’abandi bashizweho aho abaririmvyi batari bake barimwo Cedric Bangy bavugiye ko umurwi nshingwabikorwa ubari warengeje igihe c’ugukora.

8,362 total views, 0 views today

Add Comment