Scroll to Top

Rally Joe agiye gushumbusha abakunzi b’ibikorwa vyiwe

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 13 Sep 2018 23:27 PM / /

Igicocoro Rally Joe kigiye gushira ahabona akaririmbo gashasha yise “Mbera”.

Inyuma y’isohoka ry’akaririmbo bivurwa ko koba kasohotse ata mwumvikano uhabaye hagati ya Rally Joe n’umurwi TMG, hari akandi karirimbo kitezwe gushirwa ahabona.

Ako karirimbo uwo muririmvyi buca ashira ahabona, akaba yakise “Mbera”. Ako karirimbo bikavurwa ko kazokwerekanwa ubwa mbere mu nyubakwa za Camperos Ku musi wa 6.

Ako karirimbo kakaba kazoba gasohotse inyuma y’igihe uwo muririmvyi asa n’uwuri mu gacerere tutaramenya ico vyavuyeko.

1,100 total views, 0 views today

Add Comment