Scroll to Top

Amahasa Event yatumiye aba Rappeur ngo bige Ku bibazo bahura navyo

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 13 Sep 2018 23:50 PM / /

Mu kwibuka umwami wa Hip Hop, Tupac Omar Shakur, bamwe mu ba Rappeur batumiwe n’Amahasa Event ngo bigire hamwe ibibazo bahura navyo.

Umumenyeshamakuru Patrick Paggio n’ishirahamwe ritegura ibiteramo Amahasa Event asanzwe arongoye, batunganije ikiganiro hagati y’aba Rappeur. Imvo ngo n’ukugira bigire hamwe ibibazo abakora uwo mudiho wa Hip hop bahura navyo.

Ico kiganiro cabaye Ku musi wa Kane, hari no mu ntumbero yo kwibuka imyaka 22 iheze, umwami wa Hip Hop yitavye Imana mu gisagara ca Las Vegas muri leta zunze ubumwe za amerika.

Ntiyabashije gushikiriza ivyavuye muri ico kiyago Ku rubuga rwa Facebook, ariko yamenyesheje ko ico kiyago casubiriye igiteramo yarasanzwe ategura buri mwaka mu kwibuka iyo ntwari.

Abaririmvyi nka Birori, Stroggoh, Fabelove, Bizzo Uwezo, Buramatari, Afisa Rajab nibo bari abatumire muri Ico kiyago.

1,178 total views, 0 views today

Add Comment