Scroll to Top

Ukubona Abarundi bari hamwe bubaka igihugu, zamye ari indoto za Bernice

By KING YANN COOL / Published on Friday, 14 Sep 2018 00:18 AM / /

Intandaro yo kwandika akaririmbo Iwacu, n’ukugira akangurire abarundi baba mu mahanga, gufashanya n’abasigaye ngo bubake igihugu cabibarutse.

Ukubona abarundi bose bari hamwe bariko bakorera igihugu cabibarutse, n’indoto Bernice umwanditsi w’akaririmbo Iwacu yamanye. Ivyo akaba aheruka kubiyagira Indundi magazine.

Muri Ico kiyago, yabajijwe intandaro y’ukwandika iyo ndirimbo. Uwo mwigeme yavuze ko hampande y’indoto yamanye, yanashaka kwibutsa abarundi baba mu mahanga, ko hari ibisata bitari bike bikeneye ubumenyi bwabo ngo bitere imbere.

Murivyo hakaba nk’ibisata vya ba mukerarugendo, uburimyi n’ubworozi, itunganywa ry’amashamba cimeza n’ibindi. Akabona ko abarundi basohotse igihugu bafise vyinshi babonye vyotuma ivyo bisata bitera imbere kurusha.

“Mpagaze Ku musozi nyavyamo, ngutera akamo, murundi uba mu mahanga ya kure, nti agatima ni katera, ntutebagane, garuka dufashanye dutere iteka Uburundi.”

Muri ako karirimbo gaheruka kumuhesha agashimwe mu ndwi yahariwe Umurundi aba mu mahanga, Diaspora Week, aratumirira abarundi bavyiyumvamwo, Agatima ni katera, kuza gukorera igihugu.

Twashatse kumenya impamvu atumira abo gusa, yishura ko abantu badatahura kumwe, kuko hari Ababa bashaka kubanza kwironderera agafaranga ngo ugukorera igihugu bikaza hanyuma. Abo rero ngo ntiyobahata.

“Iwacu n’i Burundi, Nimuze tuhateze imbere, iwacu n’iburundi dushize hamwe twohateza imbere.”

Mukamenya ko uwo mwigeme akomoka mu ntara ya Ruyigi, amaze kwitabira amahiganwa atari make, arimwo Primusic, Isanganiro Awards co kimwe niryo ryatunganijwe n’urunani rw’abarundi baba mu mahanga, Diaspora, akaba muriryo yashizwe mu kibanza ca 3.

4,492 total views, 0 views today

Add Comment