Scroll to Top

Natacha ashobora kuba agiye kuzana Joti I Burundi

By KING YANN COOL / Published on Friday, 14 Sep 2018 01:24 AM / /

Iyari muri Tanzania, Natacha yavuze ko agiye kuzana hano iwacu.

Hoba hariko harategurwa umuzo wa Joti umwe mu basanzwe bakora umwuga w’ugutwenza abantu muri Tanzania. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Natacha ngendabanka muri Video yafashwe arikumwe na Joti ubwiwe.

Iyo Video ikaba yafashwe bariko bavuga akantu gakunzwe cane gusubirwamwo n’abakunzi ba Natacha, Eske ubibona gute. Ntibigeze batomora neza nimba azoza ryari, canke bizogenda gute?

Natacha akaba muri kino gihe abarizwa muri Tanzania, aho ariko akora ibiganiro Ku mboneshakure n’insamirizi zaho. Akaba yerekeje kwa magufuri inyuma yaho aviriye muri Uganda naho nyene yakoze ibiganiro Ku mboneshakure zitandukanye.

11,966 total views, 0 views today

Add Comment